Bene Israyeli babwiye Musa bamwiyama n’amanyama n’akantu, bati: “Twebwe mu vy’ukuri, ntiturota twinjira ico gisagara ivyo bihangange bikikirimwo. Genda rero wewe Musa hamwe n’Imana yawe Rurema Allah, muheze muhangane na vyo, nayo twebwe ntiturota tuva ng’aha”.