Abaziririza ibitaziririjwe n’Imana Allah, iyo babwiwe bati: “Enda nyabuna nimuze ku vyamanuwe n’Imana Allah no ku nyigisho z’Intumwa yayo kugira mumenye ikizira n’ikirekuwe”; bishura bati: “Ivyo twarazwe n’abavyeyi bacu birahagije”. Mbega bavuga ivyo, n’aho abavyeyi babo boba ata na kimwe batahura, batanashobora no gutumbera inzira igororotse!