Bompi barabandanije urugendo badahesha, bamaze gushika kuri nya huriro ry’amabahari abiri, baraheza baricara kw’ibuye ryari ng’aho kugira baruhuke gato, bakaba bari batekeye impamba igizwe n’ifi yumye, nya fi iramwiyaka ikorokera mu mazi, ica icika nzima, maze iroga igenda ica inzira iboneka mw’ibahari.