Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Ikaba n’inkomoko y’impuhwe ku biremwa vyayo; iyo rero Ihanira nya biremwa ivyaha n’ibicumuro vy'ivyo vyarondeye kw'isi, ni ukuri Yari kwihutira kubihana, ariko rero Yarabigeneye isango ryo kuzuka kugira Ibiharurire, Iheze Ibihembere ivyo vyakoze, ntibizonaronka kuri nya sango aho bicarukira.