Kandi Twebwe Allah, ntiturungika Intumwa zacu kiretse ko ziheza zigashikiriza abatwumvira inkuru nziza ibahumuriza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, zikanagabisha abagabitanya ku bihano vyo mu muriro. N’aho rero ukuri kugaragara, nta kibuza abagarariji guhaririza Intumwa zabo ku butumva bisunga ikinyoma, kugira batsindishe nya kinyoma ukuri atari agaseseshwarumuri, bagaheza rero bakagira Igitabu n’ivyemezo vyanje itebura.