Ntumwa y’Imana! Abantu b’amanyama, bacire agace k’ibihendamaso vy’ubuzima bw’isi, ko ari nk’amazi y’imvura Twebwe Allah Tumanura avuye mu bicu azananye mu kirere, nya mazi agatuma ibiterwa bimera bigatotahara ku bushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze mu kanya isase nya biterwa bikuma, umuyaga ukabitumura. Burya, Imana Allah Yamye ari Mushoboravyose.