Twaraberetse rero ico bakwiye gukora, Duti: “Igihe mwiyonkoye ku babangikanyamana, mukavavanura n’ivyo basenga havuyemwo Imana Allah, murashoka muhungira mw’isenga ry’ibuye riri ku musozi, maze musenge Imana Imwe Rudende Allah, Imana Allah Izoheza Ibahundagazeko impuhwe zayo, nta na kimwe kizobabangamira, Yongere Iborohereze inzira yo kuronka ibibabeshaho”.