Hanyuma ni ho Twayikangura mw’itiro kugira Tugaragarize abantu ukuri ku vyo Dusanzwe Tuzi ku bijanye n’ikiringo iyo miyabaga yamaze isinziriye, ari na co imigwi ibiri yahazanako, gutyo haheze hamenyekane muri nya migwi ibiri, umugwi woba uzi neza igitigiri c’imisi nya miyabaga yamaze isinziriye.