Ababa mu micungararo y’igisagara ca Madina, barinamuye bavuga bihaya bati: “Twaremeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa yayoˮ. Muvugishwamana! Babwire uti: “Ntimukihaye ko mwemeye vy’ukuri, ahubwo nimuvuge muti: “Twarabaye abislamuˮ, nayo ukwemera ntikuranyengetera mu mitima yanyu. Nimwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, Imana Allah ntizogabanya na kimwe mu ndishi z’ibikorwa vyanyuˮ. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo1.