Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwirinde ukwikeka nabi kenshi abemeramana, mu vy’ukuri bimwe muri ukwo kwikeka nabi ni ibicumuro; kandi ntimukagendereze murondera kumenya utunenge twabo, ntimukandagazanye1. Burya none muri mwebwe, hari uwokunda ko yorya inyama z’umubiri w’umuvukanyi wiwe yamaze gupfa! Nimwanke mwankirize rero kwandagazanya, kuko kwandagaza umuntu ari nko kumurya inyama yapfuye. Nimugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.