Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugakore ikintu na kimwe kitisunze ingingo y’Imana Allah n’Intumwa yayo, ngo mwadukane bishasha mu mabwirizwa y’idini; muraheza rero mutinye ibihano vy’Imana Allah mu gihe mwovuga canke mugakora ibiciye kubiri n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana1.