Imana Allah, Ihitamwo mu bamalayika intumwa Irungika ku Bavugishwamana, Igahitamwo no mu bantu Intumwa Ibarungikira kugira zibashikirize ubutumwa bwayo, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenukubona, Irabona neza abo Ihitamwo ngo bashikirize ubutumwa bwayo ku biremwa;