Umugwi wose mu migwi y’ab’aho hambere rero, Twebwe Allah Twawushingiye amabwirizwa n’uburyo bw’igamburukiramana wategerezwa kwubahiriza. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, ababangikanyamana ntibakakwiganzeko ku mabwirizwa wahawe, no mu bikorwa vyawe vy’igamburukiramana Twagushingiye. Shishikara nyabuna kurarikira abantu isengwa ry’Imana yawe Rurema Allah n’iy’ubahirizwa ry’amabwirizwa yayo, mu vy’ukuri nta nkeka ko wewe uri ku burongozi bw’idini rigororotse.