Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko Imana Allah Yabashoboje kwikora ku biri mw’isi1, Ikabashoboza no kugendera mu bwato bureremba mu mazi mw’ibahari ku bushobozi n'ububasha vyayo2, Ikagumya n’ijuru kugira ntirigwe kw’isi ngo ribahonye kiretse ku bubasha bwayo! Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ku bantu, ari Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.