Uwubashingira ingingo zitunganye ni Imana Allah, ni na Yo mukwiye kumenya ko Yinjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ikinjiza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire; Ikaba ari na Yo Nyenukwumva, Irumva ibivugwa; Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’ibiremwa.