No kugira ngo abahawe ubumenyi, bamenye ko Qor’ani ari kwo kuri kudahinyuzwa kuva ku Mana yawe Rurema Allah, maze bayemere ata gushidikanya, baheze bicishe bugufi kuri Yo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah Irongora abayemeye bakemera n’Intumwa yayo mu nzira yayo igororotse y’ubwislamu.