Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe Intumwa canke Umuvugishwamana, kiretse ko mu gihe ariko arasoma ivyo yahishuriwe, shetani yaca itera amazinda mu vyo asoma, kugira abantu ntibakurikire ivyo asoma, hanyuma Imana Allah na Yo Ikaba Yabihinyuye kera, Ikamara nya mazinda, Igaheza Igatunganya Aayah zayo zitomoye. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe; Intungane mu vyo Ikora;