Hari n’uducimbiri twinshi rero twirenganije mu kugarariza, maze Jewe Allah Ndatenyenya guhana abatubamwo, baca bararendegera mu butumva; mu nyuma, Ndaheza rero Ndabahana bakiri kw’isi barahona, kandi n’iherezo ryabo ni iwanje Jewe Allah, kugira Ndabahe ibihano bibakwiye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.