Ntumwa y’Imana! Abahakanyi bagusaba ko wokwihutira kubasabira igihano c’ihakana ryabo, burya Imana Allah ntizoca kubiri n’isezerano ryo kubahanira ihakana ryabo, nta nkeka rero ko, bitebe bitebuke, Izobahana nk’uko Yahanishije ukwicwa bamwe muri bo ku rugamba rwa Badri. Mu vy’ukuri, umusi w’izuka ku Mana yawe Rurema Allah, ungana n’imyaka igihumbi mufatiye ku myaka muharura kw’isi.