Mu vy’ukuri Imana Allah, Izokwinjiza abayemeye bakemera n’Intumwa yayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Muri nya Bwami, bazoberwa n’ukwambikwa imiringa y’inzahabu n’ilulu1, abagabo co kimwe n’abagore bazoba bambaye n’impuzu za misi yose zishonywe mw’iharire;