Bemeramana! Imana Allah Yabahaye ivyo vyose, kugira abahawe Igitabu batemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bamenye, ko ata co bashoboye kwiha canke kubuza ko gishikira uwundi mu mpano z’Imana Allah, n’uko mu vy’ukuri impano zose ziri mu minwe y’Imana Allah, Izihereza uwo Ishatse mu baja bayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubugwaneza, Nyeningabirano zihambaye.