Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu uti: “Imana yanje Rurema Allah nta co Yokwitwararitse ku bantu, iyo hataba ukuyiyegereza mu vyo bakora vyose banayisenga bayisaba. Emwe bagarariji! Mu vy’ukuri, mwaramaze guhakana mwivuye inyuma; ihakana ryanyu, rizotuma muhabwa ibihano mutazopfa mwikuyemwo kw’isi, no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.