Abo barangwa n’izo nyifato nziza rero, ni bo baja beranda ba Nyenimpuhwe Allah; bazohemberwa ku vyo bakoze, Ubwami bw’ijuru bw’iteka ku mpuhwe z’Imana Allah; ku kuntu bihanganiye igamburukiramana. Muri nya Bwami, bazokwakirwa n’indamutso y’amahoro bahawe n’abamalayika;