Abasenga Imana Imwe Rudende Allah, batigera bayibangikanya n’ikigirwamana na kimwe, eka ntibicira ubusa n’ikiremwa Imana Allah Yaziririje ko cicwa; kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri n’ingingo1, kandi ntibanasambana. Uwuzokora kimwe muri ivyo vyaha rutura rero, azobihanirwa bikomeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa;