Ni ukuri, Twaratumye imvura igwa mu karere kamwe igatara mu kandi, kugira ababa mu karere yaguyemwo bibuke gushimira Imana Allah, maze n’ababa mu karere nya mvura yataze baheze bikebuke bagaruke bigaye ku Mana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bantu baranka guhitamwo kiretse ukugarariza inema z’Imana Allah.