Ni ukuri, ababangikanyamana b’i Makka mu ruja n’uruza rwabo, baraciye ahari agacimbiri ka Saduma ahahoze haba abantu ba Luutwi, nya gacimbiri kahoneshejwe mu guhabwa igihano co gucucagirwa amabuye azananye mu kirere, abantu ntibaheza ngo bikebuke ku vyo babonye, ahubwo ntibigeze bizera ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze.