Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe n’umwe mu Ntumwa, kiretse ko zakomoka mu bantu, zafungura ivyokurya zikaja no gusumira kw’isoko. Twanagize abantu kuba igeragezwa ku bandi mu guhitamwo ubugororotsi canke ubuhuvyi, mu kuba abatunzi canke abakene, mu kuroranirwa mu magara canke gukikwa n’amagara, mbega none mwokwihangana mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah mukazohembwa indishi nziza! Burya Imana yawe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Irabona neza muri mwebwe uwihangana n’uwucika intege, uwushima inema zayo n’uwugarariza akizihakana.