Ababangikanyamana bazoheza babwirwe bati: “Ni ukuri, ibigirwamana mwasenga vyamaze kubiyamiriza mu kubihakana ko bitigeze bigira uruhara mw’ibangikanyamana ryanyu, ehe ntimushoboye no kwikingira ibihano, eka ntimunashoboye no kuvyikurako. Uwo wese rero yirenganije muri mwebwe mw'ibangikanyamana, maze agapfa akiyibangikanya, nta nkeka ko Twebwe Allah Tumuhonja ibihano rutura”.