Ibigirwamana bizokwishura biti: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana! Ntibikabe, ntitwari dukwiye namba kwigirira n’umwe mu bahagarikizi mu gishingo cawe, ariko Warorohereje ababangikanyamana hamwe n’abavyeyi babo, mu kubaronsa amatungo no kuroranirwa kw’isi gushika n’aho bakwibagira, baraheza barakubangikanya, bari n’abantu bakwiye guhona kubera ubugaba bwabo”.