Ntumwa y’Imana! Bwira abahakanyi uti: “Mbega none umuriro mubwirwa ko muzohanishwa ni wo mwiza, canke ni Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema zidahera, bwasezeraniwe abagamburukiramana! Ubwo Bwami bw’ijuru rero, ni yo mpera y’ivyo bakoze, ni na yo maherezo yabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.