Muhamadi, ni Intumwa y’Imana koko; abamukurikiye na bo, barakarira abagarariji, maze bakagiriranira impuhwe hagati yabo. Uzobabona bunama, bubama ku ruhanga mu gihe bariko barasenga, bazeye kuronka impano zivuye ku Mana Allah, maze Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru Ibishimiye. Ikimenyetso c’iyumviramana ryabo kigaragarira ku ruhanga ku kwama bubamira Imana Allah mu gusenga. Ico rero, ni co kimenyetso kibaranga kivugwa muri Tawurati. Akarorero k’ibibaranga mu Njili, ni nk’igiterwa casohoye intumbatumba n’amashami, hanyuma nya mashami akagwirirana ashigikiye nya giterwa, maze nya giterwa na co kigakura gitotahaye, kigororotse, abarimyi bagahimbarwa bakibonye. Imana Allah, Ibagereranya rero n’igiterwa mw’igwirirana ryabo no gushaza kwabo, kugira ngo Ishavuze abagarariji1. Imana Allah Yasezeraniye muri bo, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, maze Ikavyirengagiza ntibibahanire, hamwe rero n’impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.