Igihe abagararije bagira ubwibone nk’ubwibone bamanye n’imbere yuko barungikirwa Intumwa, maze banka kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kubera nya bwibone1, maze Imana Allah Iraheza Imanurira ituze Intumwa yayo hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo, Iraheza Ibatsimbataza kw’ijambo ry’igamburukiramana2, bari n’abantu bakwiye koko gutsimbatazwa kuri ryo, kuruta ababangikanyamana. Burya Imana Allah, Yamye Izi neza ibigirwa n’ibiremwa, ni Nyenubumenyikurivyose.