Ni ukuri, uzobasanga bahurumbira cane ubuzima bwo kw’isi uko buri kwose, mbere bakabuhurumbira gusumba kurya buhurumbirwa n’ababangikanyamana. Umwe wese muri bo rero yipfuza ko yoramba akabaho imyaka igihumbi, kandi n’aho yoramba iyo myaka, ntibizomubuza guhanwa. Burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, kandi Izobibahembera.