Emwee! Ntibazokwigera bipfuza urupfu na rimwe kuko bazi neza ukuri kw’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), n’uko bo barementanya ku kubera ubugarariji bakoze. Burya rero Imana Allah Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, kandi Izobibahembera.