Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko muzokwubahiriza ibiri muri Tawurati, Tukarerura hejuru yanyu umusozi Sinayi, Tukababwira Duti: “Nimufate nkama ivyo Twabategetse muri Tawurati, maze muvyumve muvyubahirize Tutarabakororerako uwo musozi”. Bavuze bigovyora bati: “Twumvise ijambo ryawe, tugararije itegeko ryawe”. Bavuze ukwo kubera imitima yabo yari irajwe ishinga no gusenga igishusho c’inyana y’inka bibumbiye bitewe no kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni bibi cane ivyo mutegekwa n’ukwemera kwanyu nimwaba mwemera ivyo mwamanuriwe n’Imana Allah”.