Bene Israyeli babwiye Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bigovyora bati: “Imitima yacu irugaye, ntiturota tukwemera”. Si nk’uko bibwira, ahubwo nyabuna Imana Allah Yaramaze kubavuma ku kubera ubugarariji bwabo. Burya ni na gake bemera ngo bibagirire akamaro.