Ni ukuri, Twarahaye Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati, mu nyuma yayo Turungika izindi Ntumwa muri Bene Israyeli, Turaheza Duha Intumwa Isa (Yezu) mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibitangaro bigaragara vyemeza ko ari Intumwa y’Imana1, Tumuteza intege Mutimamutagatifu Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Mbega none murakanagaye igihe cose haje Intumwa ibazaniye ivyo imitima yanyu itipfuza, mugagaze n’amanyama n’akantu! Zimwe muri zo mwarazigararije izindi na zo murazica.