Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano Duti: “Ntimwiyegereze mu gusenga kiretse Imana Imwe Rudende Allah, muheze mwubahe mwubahirize agateka k’abavyeyi babibarutse mu bugwaneza, mukorere n’ineza incuti mu miryango, impfuvyi hamwe rero n’abakene, mwongere mubwire abantu akajambo keza, mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatanga n’ishikanwa-bwirizwa”. Mu nyuma y’aho, mwahavuye mugenza umugongo ntimwubahiriza isezerano, kiretse bake muri mwebwe. Kandi mwashishikaye muvyirengagiza ku kagagazo.