Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukwa barya bahindagura mu kwandika n’iminwe yabo ibiri muri Tawurati, hanyuma bakavuga bati: “Ng’ibi ibivuye ku Mana Allah”, kandi biteye kubiri n’ibiri muri yo, kugira ngo babigurishe ku giciro gito. Kubera ivyo rero, uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku kubera ivyanditswe n’iminwe yabo. Uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku vyo baronderera mw’iryo hindagurwa rya Tawurati.