Ni ho rero abirenganije muri Bene Israyeli baca bahindura ijambo basabwe kuvuga “Ikigongwe cawe Mana”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi, bavuga n’agasuzuguro n’akantu bati: “Urutete mu mushatsi Mana!”. Duca Tumanurira abirenganije igihano kivuye hejuru, bitewe n’ubugaba bahora bagira bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.