Nimwibuke n’igihe Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira ngo kibakingire izuba ryo mu bugaragwa igihe mwari mu gihano co kuzembagirika, Tubamanurira na “Manna1” na “Salwa2”. Turaheza Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye maze mwubahirize idini ryanyuˮ, ariko rero nta ryo bubahirije. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo, mugabo ni bo nyene birenganije.