Ntumwa y’Imana! Ibuka maze wiganire abantu igihe Twebwe Allah Twatera iteka Adamu maze Tukabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi1” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, baraheza bagamburukira rimwe barubama bose kiretse Ibilisi yanse kumwubamira, bitewe n’amanyama n’ishari n’akantu, gutyo aca acika umugarariji mu bandi.