Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abataye izabo, bagahunga ari ibihumbi n’ibihumbagiza batinya kwicwa n’indwara y’akaranda canke indwano y’akaranda, hanyuma Imana Allah Ikababwira Iti: “Nimupfe”, bagaca bapfira rimwe bose, hanyuma Ibasubiza ubuzima kugira ngo bakwize imyaka Yabageneye kubaho, kugira bikebuke, bigaye! Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeningabirano nyinshi ku bantu, ariko rero abenshi mu bantu ntibashima.