Bislamu! Ntimukagire indahiro zanyu ku Mana Allah inzitizi ibabuza gukorera ineza benewanyu, kugamburukira Imana Allah, hamwe rero no gutunganiriza abantu1. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana.