Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ico zotanga n’abo zogiha! Zishure uti: “Ni ivyo mushoboye gutanga mu vyiza bivuye mu matungo yanyu mukabihereza abavyeyi, incuti za hafi mu muryango, impfuvyi, abakene hamwe rero n’abakehaniwe ku rugendo. N’ikindi ico ari co cose muzokora mu vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera”.