Ntumwa y’Imana! Baza Bene Israyeli bakwihambazako, Twabahaye Aayah n’ivyemezo bitomoye bingahe biri mu Bitabu vyabo bahakanye, bakanabihindagura! Uwuzohindura inema y’idini ry’Imana Allah akayigarariza inyuma yuko imushikiriye akanayitahura, aramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah Ihana Igahasha abagarariji.