Inyuma y’ivyo vyemezo rero, abagarariji nta kindi barindiriye kiretse igihe Imana Allah Yaje mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, mu gitutu c’ibicu hamwe n’abamalayika ku musi w’izuka, ico gihe rero Ikazobacira urutunganye. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.