Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimufate nkama amabwirizwa yose y’ubwislamu, maze muyubahirize ata na rimwe mwirengagije muri yo, kandi ntimugakurikire inzira za shetani mu guca kubiri n’amabwirizwa yabwo. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara.