Bemeramana! Nimushishikare gutanga mu guharanira idini ry’Imana Allah, ntimukanahirahire ngo mwiyahure mu kureka gutanga no guharanira idini ry’Imana Allah, muheze rero kandi mubikore mu bugwaneza ku bw’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagwaneza bakora ivyo bakora ku bwayo.