Bemeramana! Murashishikara kurwanya ababangikanyamana babasotora, gushika n’aho ata geragezwa mu kwemera rikibaho, hasigare idini ry’Imana Allah Itabangikanywa na kimwe mu biremwa. Nibaheba ubugarariji no kubarwanya, murabaha amahoro kuko nta rwanko kiretse ku birenganya mu kugarariza no mu kubarwanya.